Akamo k’umuvyeyi agwaje umwana ingwara itavurigwa i Burundi

0

Amahoro y’Imana kuri mwese! Ndi umuvyeyi wa wamwana agwaye mu mugongo DUSHIME Simplisa. Nk’uko muheruka tubatera akamo ngo mudutabare, mwarakoze turashimira Imana kuntambwe bigezeko, kandi turashimira caaaane umuntu wese yatubaye hafi m’uburyo butandukanye; amasengesho, uburyo n’ubwenge bwo kuturondeza umuganga.

Ubu rero turashimira Imana ko umuganga yarabonetse,ku bitaro vya Kaminuza y’i Chicago nk’uko muza kubibona kumpapuro zibidondora neza inyuma y’iyi message.

Turasubiriye rero kubatera akamo,kuko uburyo bukenewe ni bunini cane kuri twebwe,ni 36,138 US. Tubaye turabashimira,abari hafi n’abari kure,Imana ibongereze Aho mukura.

Uwogira ico adufashije yocisha aha hakurikira: * Compte no 20425240009_49 ouvert à la BCB au nom de KADODWA Simplice (père de l’enfant) *Compte no 08503920201-82 en USD ouvert à la BANCOBU au nom de NIMBONA Sandrine (mère de l’enfant). Murakoze, Imana ibahezagire.