Gitega: Umupolisi yaciriwe gufungwa imyaka itanu kubera kurya igiturire ca 30 000fbu!

0

I Gitega, ejo ku wa 13 Munyonyo, 2018, ubutungane bwarasomye urubanza ku mu polisi, Désiré Masabarakiza, yagirizwa kurya igiturire c’amafaraga angana na 30 000 hamwe n’amande ya 30 000 yongere kandi asubize ayo mafaranga ashika 30 000.

Uyo mupolisi akaba yagirizwa kurya ico giturire i Nyamugari mu ntara ya Gitega hagati mu gihugu mu kwezi kwa Nzero 2017, nk’uko ABP ibishira ahabona.

ABP ikamenyesha ko uyo mupolisi yagirizwa kuba yarahase ku nguvu umudandazakazi ngo amuhe igiturire maze uwo mudandazakazi aravyanka. Uyo mupolisi akaba yaciye amushira mu gasho maze avayo atanze 25 000 hama arekurwa kugira aje kurondera 5 000 bisigaye.

None mu vy’ukuri vyoba bitumwa n’iki aho abapolisi baka igiturire kingana gutyo abanyagihugu basanzwe bikeneye? Ubwo none ntibahembwa na leta hamwe n’amakori abanyagihugu batanga?

Ubukene buri mu gihugu c’Uburundi bwoba nabwo butuma abapolisi bikika mu kiza mu gusahura abanyagihugu? Ariko rero twibuke ko bafise icivugo kivuga ngo “Igipolis kizira igiturire”.