AMISOM kurangiza akazi kabo muri Ruhuhuma 2019!

0

Umugwi wo kubungabunga amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somalia, AMISOM, ushigikiwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’Ubumwe bwa Buraya mbere na ONU muri rusangi ugiye kuzorangiza akazi wagiyemwo muri Somalia gushika mu kwezi kwa Ruhuhuma 2019,nk’uko The East African ibishira ahabona.

Ariko rero, ibihugu vyatererye abasoda muri uwo mugambi, nk’Uburundi, Kenya, na Uganda, ntibirabona neza ko haragera gukurayo abo basirikare muri Somalia, maze bikagaragaza ko bidashaka kuva muri Somalia.

Hari abibaza ko ivyo bihugu vyoba vyanka kuva muri Somalia kubera abasoda barungikwayo bafatwa neza muvy’amahera maze nabo bigateza imbere ibihugu baje bavamwo.

Abategetsi bo ku rwego rwo hejuru b’Ubumwe bwa Africa bakaba bamaze gutegura umugambi uzoza urafasha kugira ngo umugambi wo gukura abasirikare ba AMISOM muri Somalia uje mu ngiro buhorobuhoro.

Ukuvana abasirikare ba AMISOM muri Somalia vyatanguye mu kwezi kwa Kigarama 2017 aho hatangura ighabanywa ry’abasirikare bariyo gushika abo basirikare bose bavuyeyo.

Naho ibihugu bifiseo abasirikare bimenyesha ko Somaliya itaragera aho yigenga, abafashe mu mugongo AMISOM batanga uburyo bobo babona ko hageze nyabuna ko abasirikare bavayo hama Somalia ikigenga.

Twokwibuka ko Ubumwe bwa Afrika, Ubumwe bwa Buraya na ONU muri rusangi aribo batanga uburyo kugira AMISOM ibandanye ikora uko bikenewe mu guhanagana n’inkozi z’ikibi arizo Al Shabab muri Somalia.