Bururi : Umucamanza yanyurujwe n’abantu batazwi

0

Icariho c’umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Bururi, Nicaise Niyungeko yanyurujwe inyuma y’umutaga wo kuri uwu wa kabiri mu gihe yari mu biro kuri parake ya Républika ya Bururi.

Nk’uko abo bakorana babishikiriza, yari ahejeje kwakira abitwara babiri igihe haca haza abantu bari mu modoka baramunyuruza.

Nta kandi gakuru kiretse ko bagenzi we, mbere n’abakuru b’ibisata yatwawe barorera, bose ataco bari bukore.

Amakuru ava i Bururi avuga ko inyuruzwa rya Nicaise Niyungeko ryoba ryateguwe n’abo bari baje kwitwara.

Abakozi ba parake bidoga bavuga ko abatwaye mugenzi wabo batigeze bavugana n’abatwara Nicaise.

Nicaise Niyungeko yakorera muri parake ya Bururi kuva mu mwaka wa 2007.