Gitega : Umugabo yishwe n’abantu bamukubise ubuhiri

0

Umugab azwi kw’izina rya Simoni CIZA yahra aba muri karitiye ya Mushasha mu gisagara ca Gitega, intara ya Gitega, yicishijwe amahiri n’inkozi z’ikibi zitaramenyekana.

Ubwo bwicanyi bwabaye kuri uwu wa mbere, mw’ishamba riri ku musozi wa Masenga.

Uwo mugabo yishwe, Simoni CIZA yishwe mu gihe yariko arataha avuye iwabo ku musozi wa Rutoke aho yari yaraye.

Ku kibazo c’ukumenya namba hari imvo za poritike zoba ziri inyuma y’ubwo bwicanyi, umukuru wa Karitiye ya Mushasha, Mariya Roza Nzeyimana, amenyesha koko uwo yagandaguwe ata mugambwe yarimwo, kandi ko yari umuntu yari abanye neza n’abandi.

bri

Abajejwe intwaro muri karitiye ya Mushasha bashikiriza ko amatohoza yatanguye kugira uwakoze ubwo bwicanyi amenyekane kandi abihanirwe mu butungane.