USA : Ngiyi hano impamvu yatumye Donald TRUMP atsinda amatora

0

Donald TRUMP wo mu mugambwe w’aba Republican niwe agiye kuba umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, afate ikibanza cahoramwo Barack OBAMA yahejeje ibiringo vyiwe. Donald TRUMP atsinze uwo bahiganwa, Hilary CLINTON wo mu mugambwe w’aba demokarate.

Donald Trump Hosts Nevada Caucus Night Watch Party In Las Vegas

Donald TRUMP yatsinze muri Reta zikomeye nka Wisconsin, Alabama, Arkansas, Florida, Idaho, Indiana, Iowa, Kansas, Kentucky, Louisiana, Mississippi, Missouri, Montana, North Dakota, Ohio, Oklahoma, South Carolina, South Dakota, Tennessee, Texas, Utah, West Virginia hamwe na Wyoming.

trump

Aho ni mu gihe uwo bahiganwa, Hilary Clinton wahoze ari umunyamabanga wa Reta ya Amerika yatsinze muri California, Colorado, Connecticut, Delaware, Illinois, Maryland, Massachusetts, New Jersey, New Mexico, New York, Oregon, Rhode Island, Vermont, Virginia na Columbia. Hilary Clinton akaba yemeye ko yarushijwe.

Tubibutse ko Donald TRUMP mumpamvu zikomeye zatumye atsinda ari no kuba yarashigikiwe n’abazungu benshi cane.