Gitega : Abantu batanu bo mu muryango umwe bakomerekeye mu gitero

0

Abantu batanu bo mu muryango umwe bakomerekejwe na gerenade yatewe mu nzu barimwo ku musozi Nyangungu, komine Mutaho, intara ya Muramvya.

Umuntu atamenyekanye yacishije iyo gerenade mw’idirisha mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, mu gihe abagize uwo muryango bariko barafungura.

Denis Niyomuhanyi, Musitanteri wa komine Mutaho akaba yamenyesheje ko amatohoza yamaze gutangura.

mutah

Umutekano warahungabanye kandi mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana ku musozi wa Burambi, mu ntara ya Rumonge, aho abantu babiri bapfuye, abandi batatu barakomereka, harimwo umukuru w’ikirindiro c’igiporisi, mu gitero cabaye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana.

Ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro ku bunywero bw’aho i Burambi mu ntara ya Rumonge, amasasu akaba yarumvikanye gushika nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro.

Umukuru w’ikirindiro c’igiporisi c’i Burambi ari mu bakomerekeye muri ico gitero, abandi bantu babiri bakaba bahasize ubuzima.