Gihanga : Umunyagihugu bivugwa ko agwaye mu mutwe yarashwe n’abasirikare

0

Umunyagihugu bivugwa ko yari afise uburwayi bwo mu mutwe yishwe arashwe n’abasirikare bakorera i Gihanga, kuri uwu w’Imana. Mu gisirikare c’Uburundi bavuga ko uwo munyagihugu yagira yake inkoho abajejwe umutekano.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko uwo muntu yari afise umuheto n’imyampi, akaba kandi yari ahejeje kurasa imyampi itanu mu banyagihugu muri komine Gihanga.

militaire

Colonel BARATUZA avuga ko uwo munyagihugu yarasiwe ahitwa mu Kagwema, hafi y’ishamba cimeza rya Rukoko, akaba yari yakomerekeje abanyagihugu, mu nyuma akarasa n’umwampi umusirikare yari arenganye yambaye impuzu zisanzwe (Tenue Civile), uwo namwe aca aja guhamagara bagenzi we.

Nk’uko umuvugizi w’igisirikare abivuga, uwo munyagihugu abonye abo basirikare baje yaciye afora amera nk’uwugira abarase, nabo baca bamurasa amasasu arasikana.

Colonel BARATUZA avuga ko ari isanganya ryabaye, ariko ko ata kundi abo basirikare bari kugira mu gihe uwo munyagihugu yashaka kubaka inkoho.