FNL ya Jacques Bigirimana na Sangwe PADER imenyesha ko izotora Evariste Ndayishimiye

0

Imigambwe ibiri iramaze  gushira ahabona ko izotora umugambwe uri ku butegetsi mu gutora uwuzowuserukira ariwe General Evaritse  Ndayishimiye batazira Neva mu matora y’umukuru w’igihugu yo ku wa 20 Rusama 2020.

Iyo migambwe imaze kwemenga CNDD-FDD mu guhamagarira abanywanyi bayo gutora General Neva ni FNL ya Jacques Bigirimana na Sangwe PADER.

Yakobo Bigirimana akaba yafashe iyo ngingo yo guhamagarira abanywanyi ba FNL gutora General Neva inyuma yo kwankirwa n’umurwi utegura amatora CENI kandi agasokora dosiye yiwe muri ya sentare ybahiriza ibwirizwa shingiro.

Umugambwe Sangwe PADER nawo wasohoye itangazo uyu musi wa mbere umenyesha ko abanywanyi bawo bakwiye gutora generral Neva mu matora y’umukuru w’igihugu.

Aba nabandi baribaza ko iyo9 migambqwe yoba mu vyukuri ifise abanywanyi canko gusa yiba ari imigamwe uiri mu kwaha kwa CNDD-FDD.