Abarundi baba mu mahanga n’abanyanyamahanga baba m’Uburundi basabwa kurindira kuza i Burundi

0

Ivyo biri mw’itangazo ryasomwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, Thaddée Ndikumana, kur’uyu wa gatanu. Aho ni mu ntumbero yo kurwanya ca kiza coronavirus giteye ubwoba isi yose candukira giciye mu mpwemu. Muganga Thaddée Ndikumana akaba yamenyesheje ati naho hagize uwuje m’Uburundi azoca yirihira amahera yo kubaho no kwipimisha ico kiza mu gihe azoba aria ho yugaraniwe bita quarantaine.

Muganga Thaddée Ndikumana akaba yavuze ko iyo ngingo ariy’imfata kibanza mukurindira izindi ngingo. Mwomenya kw’abarundi barimwo abanyeshure abadandaza abakozi baje m’uburundi babanza gucanwa mw’i hoteli Source du Nil kugira bapimwe imisi 14 barihirwa vyose na Leta.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA mur’iryo tangazo akaba yasubiye kwibutsa abarundi n’abanyamahanga baba m’Uburundi gukwirikiza amabwirizwa y’isuku mugukaraba n’amazi meza n’isabuni no kwirinda kuramukanya guhoberana gusomana muri gihe hari ikiza ca coronavirus.