COVID-19: Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu burabeshuza ibihuha vyo kwugarana abantu amasaha 48

0

Mu gihe hari ibihuha bikwiragizwa cane ku bijanye n’umugera uhanze isi yose ariwo Coronavirus wataziriwe COVID-19, Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu burabeshuza ibihuha vyo kwugarana abantu amasaha 48 badasohoka.

Ayo makuru yo kwugarana abantu baba mu Burundi amasaha 48 badasohoka akaba cane cane ariko akwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi ariyo nka za WhatsApp, Facebook nahandi.

Umushikiranganji w’amagara y’Abantu, Thadee ndikumana akaba yabeshuje ivyo bihuhu ko ari amakuru y’ikinyoma ko ata mugambi wo kwugaranira indani abarundi mamasaha 48.

“Turamenyesheje ko ama messages atemberezwa ku muga ngurukana bumenyi avuga ko Abarundi bagiye kwugaranwa amasaha 48 badasohoka mu ntumbero yo kwirinda COVID-19 atarivyo kandi ko ayo makuru ata mutegetsi numwe arayavuga”, niko Thadee Ndikumana yamenysheje.

Thadee kandi aca amenyeshe ko ayo makuru atari yo azimiza abantu maze agatuma bagira ubwoba butagira ishingiro.

“Mu kurwanya Coronavirus, ni vyiza kwirinda amakuru y’ikinyoma”, niko Thadee Ndikumana yavuze.

Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu bukamenyesha ko nyabuna icihutirwa ari ukubandanya hashirwa mu ngiro ingingo zijanye no kwikikngira ico kiza gitwikiriye isi nko gukaraba nisabuni kenshi, kureka gusomana, kuramukanya mu gukorana mu ntoki n’ibindi.

Mwomenya ko Uburundi arico gihugu conyene muri EAC kitarashira ahabona umurwayi wa CORONAVIRUS mu gihe ibindi bihugu vy’akarere COVID-19 ibandanya igwira cane.