Filipo Nzobonariba: Abasirikare ba UA binjijiye ata ruhusha bazoba baje gutanguza intambara mu Burundi

0

Inteko mpuzamakungu ngo zizoba zifatanije n’abariko baradurumbanya Uburundi, ataruko ngo bari bakwiye kuja mu makambi y’impunzi mu Rwanda aho abadurumbanya Igihugu bimenyerereza.

filipo

Umunyamabanga mukuru wa leta y’Uburundi yavuze ico ashikiriza Ku ngingo yafashwe n’ubumwe bw’ibihugu ivya Afrika y’Ukurungika inteko mpuzamakungu mu Burundi.

Filipo nzobonariba akaba yamenyesheje ko izo nteko zizoba zifise umugambi umwe muri ibiri, aho akavuga ko bazoba baje guha inzira abariko baradurumbanya Uburundi we avuga ko bari mu makambi y’impunzi mu gihugu c’urwanda. Nzobonariba akabandanya avuga ko ataruko batari bwakwiye kuza mu Burundi ahubwo bari bakwiye kuba wa mu gihugu c’urwanda aho ngo mu makambi bakakwa ibirwanisho abo bimenyereza.

Nzobonariba akaba kandi yanamenyesheje ko leta y’Uburundi izihweza ivyasabwe hama bagatanga inyishu.

Twobamenyesha ko igihugu canka cemera ngo izo nteko mpuzamakungu zitegerezwa kurungikwa mu Burundi, aho ariko bakavuga ko nka hamwe Uburundi bwohakana ko budashaka izo nteko, inama rukokoma y’Ubumwe bwa Afrika izoca ikorana hama yihweze ico kibazo ubugira kandi aho 2/3 vy’abagize iyo nama bemeje ko izo nteko zigenda zizoca zirungikwa, hakaba havuzwe izishika 5000 zishobora kuzorungikwa.