FIDH: Uguhinyanyura Ibwirizwa Shingiro ‘Bibangamira Amahoro’.

0

Ku wa 17 Rusama 2018 haritezwe ko haba amatora yo kwemeza canke guhakana ko ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa. Ku bwa FIDH, Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu, ayo matora ‘arimwo akaga mu vya apolitike ku batagetsi b’Uburundi kuko azotuma Pierre Nkurunziza atwara uburundi gushika mu 2034, navyo bikaba intambamyi ku mahoro mu Burundi’.

FIDH na Ligue Iteka bakaba basaba vyihuta umugwi wa Afrika ujejwe kwiga ibibazo vy’agateka ka zina muntu( Commission africaine des droits de l’Homme et des peuples), usanzwe ukoraniye muri iyi misi mu gihugu ca Mauritanie, kugira ufate ingingo zihuta kandi zikaze kugira wiyamirize ukwo guhinyanyura ibwirizwa shingiro kudahurizwako na bose, hama hirindwe ayandi mabi yokorwa ku banyagihugu.

FIDH ibona ko mugihe hobaho ukuvugira kumugragararo kw’amashirahamwe ya Afrika ajejwe agateka ka zina muntu ariho ako kamo kokwumvirwa na leta y’i Bujumbura.

Kuva mu ntango z’umwaka wa 2018 no muri iki kiringo c’amatora, umuhari uharanira agateka ka zina muntu, Ligue Iteka, ushira ahabona ko abantu bashika 86 bamaze kwicwa, 18 baraburirwa irengero ryabo, 77 barahohotewe, 10 nabo barafatwa ku nguvu hamwe na 526 bahagaritswe bidaciye mu mategeko.

FIDH na ligue Iteka bakamenyesha ko baguma bihwereza hafi ibibera mu Burundi aho abategetsi bamwe bamwe b’Uburundi bari kumwe n’Imbonerakure bakwiragiza ubwoba mu banyagihugu ko bategerezwa gutora “EGO”, uwutabikoze canke akerekana ko atabishigikiye agahanwa canke mbere no kwicwa akicwa( FIDH itanga uburorero bw’ihagarikwa agasaki saki ku banywanyi bo mu runani AMIZERO Y”ABARUNDI rwa Rwasa Agathon).