USA irashira ahabona ibihugu bidakunda gutora ku ngingo Zayo Muri ONU.

0

Uburundi, Zimbabwe na Iran Nivyo Bihugu Vyama Bidatora cane cane Ingingo Zafashwe na USA Muri ONU, niko igihugu rutura kw’isi Leta Zunze Ubukwe za Amerika cashize ahabona. Urwo rutonde rw’ibihugu rwama rurwanya ingingo zafashwe na leta zunze ubumwe za Amerika muri ONU, bikaba vyashikirijwe n’umunyabanga ntayagegayezwa wa Amerika, nk’uko Nonovite.com ibimenyesha.

Nk’uko umwihwezo wakozwe uvyerekana, ibihugu nka Iran, Koreya ya Ruguru, Uburundi, Syria, Zimbabwe, Venezuela, Turkmenistan, Cuba, Bolivia na Afrika y’Epfo nivyo vyama vyatoye OYA ku ngingo zifatwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri ONU.

Ibihugu vyama bishigikira Leta Zunze Ubumwe za Amerika ni Israel, Micronesia, Canada, Marshall Islands, Australia, Ubwongereza, Ubufaransa, Palau, Ukraine na republique Tchecque..

Nk’uko na raporo ya 2017 ivyerekana, ibice nka 80 kw’ijana vyamye bishigikira ingingo za Amerika muri ONU, uretse gusa mu 2016 ariho habaye igabanuka gushika ku bice 10 kw’ijana.

Amerika ntirashira ahabona ingingo izofatira ivyo bihugu. Gusa ibihugu bidatora ingingo za USA muri ONU bikaba bisanzwe bitabona kumwe ibintu, nka Koreya ya Ruguru, Uburundi, etc.