BreakingNews: Joe Biden yatsinze amatora muri Amerika

0

Mu makuru yashizwe ahabona n’ikinyamakuru co kuri Amerika, Associated Press, kimenyesha ko umukandida w’aba Democrates, Joe Biden, yatsinze amatora maze akaba agiye kuyobora igihugu ca Rutura kwisi.

Biden akaba atsinze mukeba wiwe Donald Trump ku majwi 284 canke arenga mu gihe Trump nawe yari agifise makeya cane yari kumushoboza gutsinda kandi iyindi mandat.

Amakuru ava muri Amerika akamenyesha mbere ko umurwi wa Joe Biden uriko urakora cane kugira utunganye ivyo uvuga ko Trump yononye harimwo ubutunzi bw’igihugu bwononekaye bivuye ku kureka kwitaho ikiza catikije inganda muri Amerika arico Coronavirus.

Donald Trump n’abahungu biwe bakabadanya bavuga ko bibwe ayo matora naho ivyo bavuga bidafashe.

Trump akabandanya avuga ko azokwitura Sentare nkuru imutunganirize. Mwomenya ko hari aba Republicains bamwe bamwe batanguye kwikura kuri Trump bavuga ko ivyo avuga atari vyo yokwemera gutsindwa hama akabisa Joe Biden.

Trump kandi akavuga ko atararota arekura Maison Blanhe gushika aronse ico ubutungane buvuga kuvyo avuga ko ari ubusuma bwabaye mu matora.

Umurwi wa Biden uravuga ko ushobora gukoresha inguvu mu gusohora Donald Trump igihe yokwanka gusohoka inyubakwa y’umukuru w’igihugu mushahsa.