Anicet Niyonkuru na Valentin Kavakure barankiwe kwitoza

0

Iyo ningingo ya sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yafashe kur’uyu wa kane aho yaca urubanza rw’abakandida bashaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu. Domitien Ndayizeye akaba yari yamenyesheje ko yatanze idosiye ikwiye n’abamwishingiye bakwiye ahubwo ko basanze abakozi b’umurwi CENI bagira bugare batahe, ka ahandi ho yazanye abamwinze barenga 200 nkuko amategeko agenga amatora ya CENI abivuga.

Aba bankiye kwitoza akaba ari Valentin Kavakure yitoje ku giti c’umugambwe FPN Imboneza hamwe na Anicet Niyonkuru yaserukira umugambwe CDP, akaba yaraherutse gutaha kugira yitabe amatora y’umukuru w’igihugu n’izindi nzego zigize igihugu mu kwezi kwa rusama. Abo rero abanywanyi babo bakazoshobora kwitoza mu bindi bibanza nk’ivy’abashingamateka, abakenguzamateka, abahanuzi ba komine n’abatwara imitumba.