Mu rwandiko CNARED yashize ahabona, biraboneka ko urwo runani rutavuga rumwe na leta ya CNDD-FDD biboneka ko ruriko ‘ruhereza ukuboko’ Ndayishimiye ku bwa kazoza.
Nimbonekarimwe ku runani rw’abatavuga rumwe nka CNARED kurungika ka ubutumwa bwo gukeza instinzi ya CNDD-FDD yahaririweko na benshi bemeza ko amatora yatumye Evaritse Ndayishimiye atsinda yaranzwemwo Ubusuma bukabije.

Muri urwo rwandiko, CNARED ivuga ko ikengurukira Ndayishimiye ku mabanga mashasha yo gutwara Uburundi mu kiringo c’imyaka indwi.
Abihweza ibintu n’ibindi babona ko urunani CNARED rwamazwe no kwicamwo ibice ku barurongoye kuva mu mwaka wa 2015 rwoba rugomba ‘kwiyegereza Evariste Ndayishimiye’.
Mwomenya ko urunani CNARED rurongowe na Jean Minani yahoze ari hafi cane ya Leta ya CNDD-FDD hama arahava aruhunga mu mwaka wa 2015.
Ariko rero hariho ibitari bike CNARED isaba Ndayishimiye nko kurekura imbohe za politike, guhungura impunzi n’ibindi…
Dans sa déclaration sur la proclamation des résultats définitifs des élections du 20 Mai 2020, le CNARED-Giriteka prend ainsi acte de la victoire de Mr.Evarist NDAYISHIMIYE, le futur président de la République du Bdi pendant les 7ans à venir. Le CNARED lui souhaite bonne chance. pic.twitter.com/kd0C2EdxiM
— CNARED Burundi (@cnaredburundi) June 7, 2020





Recent Comments