Umukuru w’igihugu yoba arwariye mu bitaro vy’i Karusi

0

Amakuru ariko aca ku mbuga ngurukana bumenyi amenyesha ko umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, avuga ko arwariye mu bitaro vyo mu ntara ya Karuzi mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi.

Inkuru zimwe zimwe zemejwe na Radiyo y’Abanyagihugu, RPA, ashira ahabona ko Petero Nkurunziza amagara yiwe atifashe neza.

RPA ivuga ko Petero Nkurunziza arwariye mu bitaro bikuru vy’i Karuzi kuva ku musi wa gatandatu w’indwi iheze.

Nta tangazo rya leta rirashirwa ahabona rivuga ku magara ya Petero Nkurunziza uko ameze.

Ivyo biri uko mu gihe umutambukanyi wa Petro Nkuruziza, Denise Bucumi, yatwawe mu gihugu ca Kenya kuvurirwayo avugwa ko arwaye wa migera uriko usasika inganda, CORONAVIRUS.

None ubwo Denise Bucumi ntiyoba yaranduje umugenzi wiwe? Naho kurindira bikamenyekana…

Ni inkuru ikibandanya itohozwa ku bijanye n’uko amagara y’umukuru w’igihugu ameze…