Abo bamenyeshamakuru bakaba bakorera ikinyamakuru Iwacu bakaba batawe mu mvuto mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2019. Bakaba bari bagiye mu ntara ya Bubanza kurondera amakuru yavuga ko hari abagwanya Leta binjiye mu gihugu. Abajejwe umutekano baciye babafata bagishika muri komine Bukinanyana ahavugwa abo bagwanyi, bakaba baciye bashikirizwa sentare nkuru ya Bubanza.

Umushikirizamanza akaba yaciye abagiriza icaha co kwifatanya n’abagwanyi mu gutera igihugu icaha cahavuye gihindurwa citwa icaha co gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu. Iyo sentare yaciye ibacira imyaka ibiri ni nusu n’amande y’amafaranga umuriyoni umwe umwe.
Icabafashe cane n’ubutumwe bwafatanwe umwe muribo buvuga ko ‘’bagiye i Bubanza gufasha abagwanyi’’. Ababuranira bakaba baragerageje kwerekana kwabo bamenyeshamakuru ataco bapfana n’abagwanyi. Ikinyamakuru Iwacu kikaba carunguruje muri sentare yiyungurizo ya Ntahangwa ariko iyo sentare yafashe ingingo yo kubagumiza mu mumunyororo. Ikinyamakuru Iwacu kikavuga ko kigiye kwitura sentare ntahinyuzwa.





Recent Comments