CENI:Ku wa gatandatu n’umusi ntarengwa wo kwiyandikisha kuzotora mu kamarampaka

0

Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI (Commission Electorale Nationale Independante) umenyeshako ikiringo kitegekanijwe kugira abiyandikisha kuzokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro ari ntabanduka kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma uyu mwaka wa 2018.

Ivyo babishikirije mu gihe hacibonekeza abantu benshi bakirondera karangamuntu mu ntara zitandukanye bipfuza kuzokwiyandikisha ngo bazotore.

Umukuru w’umugwiCENI,Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umjurwi CENI mu kiganiro yahaye abamenyeshamkuru yamenyesheje ko igitigiri cabari bamaze kwandikwa gushika kuruyu wa kane igenekerezo rya 15 Ruhuhma 2018 bangana 4.105.481 bagizwe n’abagabo 1.995.236 hamwe n’abogore 2.110.245 bakaba bangana n’ibice 92,2 vyabari bategekanijwe.

Pierre Claver NDAYICARIYE ,Umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI

Abamaze kwanadikwa gushika ku musi w’ejo uheze ku buserukizi butandukanye bw’igihugu c’Uburundi buri mu bihugu bitandukany kw’isi bangana 2.659 naho

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha yategekanijwe mu kwezi kwa Rusama uyu mwaka wa 2018.

Mu gihe amatora zotunganywa mu kwezi kwa Rusama uyu mwakawa 2018 ,umurwi CENI warukwiye kwongera ikiringo kugira n’abandi bipfuza kuzokwitaba ayo matora bahabwe amahirwe kuko hakiri umwanya kugira ayo matora abe