Tanzaniya Igiye Gukorana n’Uburundi Mu Gisata co Guhingura Imiti.

0

Igihugu ca Tanzaniya kigiye gushiraho umugambi wo gufashanya n’igihugu c’Uburundi mu mugambi wo guhingura imiti. Ivyo biri uko mu gihe itegeko ryemeza ko Uburundi bwotangura guhingura imiti rikiri mu Nama Nshingamateka.

Nk’uko ikinyamakuru The Citizen kibimenyesha, uyo mugambi uri muyo Ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubseruko EAC ryiyemeje gufasha igihugu c’Uburundi muri ico gisata.

Stella Manyanya, Umushikiranganji wa Tanzaniya mu vy’Ubudandaji n’amaghinguriro yamenyesheje ati: “Umwiyemezo w’igihugu c’Uburundi wo guteza imbere igisata co guhingura imiti hamwe no gukora imiti myiza cane birahuye n’uko EAC ibona ibintu kugira amahinguriro yaho atere imbere hamwe no kugabanya ibiciro vyayo bidakenewe….

Ivyo Manyanya akaba yabivugiye I Dodoma igihe yaronka abashitsi b’Abashingamateka baje bava mu Burundi. Abo bashingamateka bari bagendeye igihugu ca Tanzaniya kugira basabe ko igihugu ca Tanzaniya cofashanya n’Uburundi mu bijanye no guhigura imiti.

Urwo rugendo rukaba rwari rurongowe na Felix Niragira, umukuru w’umgwi ujejwe ivy’ubutungane n’agateka ka zina muntu mu Burundi. “Uburundi buracari inyuma y’ibindi bihugu vya EAC mu bijanye no kwihingurira imiti…”,niko Umunyamabanga wa EAC,Liberat Mpfumukeko yamenyesheje.