Burundi : Iradiyo zibiri zari zahagaritswe zuguruwe

0

Iradiyo zibiri zigenga zari zugawe kandi zabomowe inyuma y’ivyabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 aho ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA bwahakwa guhirikwa, zigiye gusubira gusamirana nk’uko vyahora.

Abakunzi ba Radio ISANGANIRO hamwe na Radio-Télévision REMA bagiye gusubira kuzumva zisamirana.
Abarongoye izo nsamirizi n’imboneshakure zuguruwe kuva kuri uwu wa gatanu, babaka babanje gutera umukono ku masezerano y’ivyo biyemeje mu bijanye n’ukwubahiriza amategeko hamwe n’akarangamutima mu bijanye n’ukumenyesha amakuru.

isanga

Ivyo birori bikaba vyabereye mu kigo c’abamenyeshamakuru (Maison de la presse), hagati n’urwego rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi hamwe n’abaserukiye izo nsamirizi n’imboneshakure vyuguruwe kuri uwu wa gatanu.

isanga

rem