Mu misi iheze haribonekeje urwandiko rwakwiragiye cane ku mbuga ngurukana bumenyi cane rwavuga ibijanye no guteba kw’agafashanyo k’abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi.
Urwo rwandiko rwarimwo amakosa gushika ku bice 90% ku buryo uwo yavuzwe ko yaserukira abanyeshure muri kaminuza y’Uburundi, Darius RWEMERA, yaciye akomborwa mu mabanga yiwe bidatevye.
Uwo ‘munyeshure wa kaminuza’ yagirijwe gusinya urwo rwandiko atahanuje maze ashiramwo ibikosa vyinshi cane’.

Ku vyerekeye ubwo bumenyi buke cane mu banyeshure ba kaminuza mu Burundi, bamwe bamwe baribaza nimba inyigisho zigitangwa neza mu Burundi, na cane mu makaminuza.
Twomenya neza ko ururimi rw’igifaransa arirwo rurimi rwa mbere umunyeshure wo mu Burundi atagurirako kwiga mu mwaka wa mbere mu mashure matomato.
Aba n’abandi bakibaza ko kumara imyaka irenga 16 ku ntebe y’ishure bitoba birakunda ko umunyeshure yandika neza ururimi rw’igifaransa.
Bamwe bayaze na UBM News bamenyesheje ko mu nzego nyinshi ubu mu Burundi hashirwaho abanditswe mu mugambwe gusa uri ku butegetsi bataravye ko afise ubumenyi buhagije.
Babandanya bavuga ko abafise ubumenyi bukwiye bataronswa ayo mahirwe yo gukora ubuzi bwabagenewe maze bugahabwa abitwa ngo ‘barashiririye’ canke abo ‘cavunye’.
Ivyo vyo kutavuga neza indimi mvamakungu mu Burundi vyagumye vyibonekeza no mu bategetsi batwara intara n’amakomine aho usanga bavuga ururimi rw’igifaransa kidashemeye na gato kandi bitwa ngo n’abategetsi.
https://twitter.com/JimbereMag/status/1166291332463284224





Recent Comments