Bujumbura-Nyabiraba: Ingingo ruhasha yo ‘gukinga inda z’indaro ku bigeme’.

0

Muri Komine ya Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura, beshi bakunze kwita Bujumbura rural, musitateri w’iyo komine, Ferdinand Simabananiye, yaraye afashe ingingo ruhasha yo gukinga inda z’indaro mu bigeme.

Mw’itegeko ryagiye ahabona, Ferdinand Simbananiye yamenyesheje ko ata mwigeme wo muri iyo komine yemerewe kuba ari hanze y’urugo inyuma y’isasha 12 z’umugoroba.

Iyo ngingo ifashwe na musitanteri ata mpamvu yatanze. Abaharanira agateka ka zina muntu babona ko izo ngingo ari izagahotoro, ko zitaza zubahiriza uburenganzira bw’abana b’abigeme.

Mu ntara ya Muyinga, komine Giteranyi, naho harafashwe ingingo nk’iyo nyene, aho ata mwigeme yemerewe gutaha mu muhana inyuma y’isaha 12 z’Umugoroba.

Ubwo izo ngingo zoba ziva mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu? Canke zizohava zikwiragora igihugu cose?