UBM News ads

Umushikiranganji w’ubutungane yamenyesheje irekurwa ry’abanyeshuri batatu bo mu Kirundo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyamenyeshejwe kur’uyu wa wambere n’umushikiranganji w’ubutungane, Aimée Laurentine Kanyana, mugihe yarahejeje kugirisha inama abacamanza n’abashikirizamanza bo muri komine Ntahangwa. Amée Laurentine Kanyana yamenyesheje ko afise amakuru ko parake ikukira sentare isubiramwo imanza yo mu ntara ya Ngozi yafashe ingingo yo kuba irarekuye ivyagateganyo abigeme batatu babanyeshure bagirizwa kwonona ifoto y’umukuru w’igihugu. Bakazokwitaba ubutungane bidegemvya.

Abo bigeme bafise imyaka iri hagati ya 15 na 17 biga kw’ishure nshingiro Kamuri riri muri komine Kirundo bakaba bari bamaze indwi irenga bari mu minwe y’ubutungane mu ntara ya Kirundo na Ngozi. Umushikiranganji w’ubutungane amenyesha ko amatohoza akibandanya kugira bamenye neza uwokoze ico caha, ati : « Umukuru w’igihugu n’igiti kiturigwa abato n’abakuru bategerezwa kumusonera, arabandanya ati : «  Ntihagire abahenda abana bakiri bato ngo kora kirya ngo nturakwiza imyaka yo gufungwa, uwukwije imyaka 15 arafungwa. » Umushikiranganji w’ubutungane arahamagarira abavyeyi kwigisha abana babo ivyerekeye amategeko y’igihugu.

Ivyo biruko mu gihe amashirahamwe aharanira agateka k’abana n’abarezi yo mu gihugu na mpuzamakungu biyamiriza ico gihano co gufunga abana, bakamenyesha ko haribindi bihano bijanye n’amategeko agenga ishure n’abanyeshure yoshobora gukwirikizwa. Bakavuga kw’igihano co gufungwa kiremereye cane kubana bakiri bato.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments