#FreeOurGirls: Isekeza kw’isi yose ryo kubohoza abigeme bafunzwe kubera kwonona isanamu y’umukuru w’igihugu.

0

Mu gihe hari abigeme bafunzwe mu Burundi bazira kwonona isanamau y’umukuru w’igihugu,Petero Nkurunziza, abantu batari bake kw’isi yose bariko bakora ico bita isekeza ku mbuga ngurukana bumenyyi nka za Twitter kugira ngo ‘babohoze’ abo bigeme bita ‘inzirakarengane’.

Iryo fungwa ry’abo bigeme mu Burndi rayarakwiragiye mu binyamakuru bikomakoneye mw’isi nka za BBC, CNN, AFP, Daily Mail n’ibindi aho bavuga ibijanye ‘abo bigeme batatu bagifunzwe bagirizwa ‘gucafuza isanamu ya Pierre Nkurunziza’ mu bitabu vy’ishure.

Isekeza ryataziriwe #FreeOurGirls(bisobanura ngo ‘rekura abigeme bacu’) kuri Twitter ririko rirabica bigacika, aho abatari bake bashira amasanamu ya Pierre Nkurunziza kuri Twitter yasibanganijwe, maze bagasaba bati #FreeOurGirls canke ‘rekura abigeme bacu’.

Abo bigeme bari hagati y’imyaka 15 na 17 bafashwe mu ndwi zibiri ziheze mu ntara ya Ngozi bagirizwa gusibanganya isanamu y’Umukuru w’igihugu mu bitabu vy’ishure.

Ikintu nk’ico carabaye mu 2016 aho abana basibanganjije ifoto ya Nkurunziza bafatwa hama bararekurwa gushika amakungu asemereye nkuko ariko akora ubu hama bakarekurwa.

Raba amasekeza amwe amwe ariko arakorwa yo ‘kubohoza’ abigeme bafunzwe mu Burundi:

https://twitter.com/Rwanyubuja/status/1110436240678105089

https://twitter.com/bobby_muntan/status/1110433850960695296