Bujumbura : Abanguruza abantu ku mapikipiki babwiwe ibibanza batarenga

0

Inyuma y’ibitero bitandatu vy’amagerenade vyabaye mu mihingo itandukanye kuri uwu wa mbere, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA yafashe ingingo ko abunguruza abantu ku mapikipi (Taxi motos) batarekuriwe kw’injira mu gisagara ca Bujumbura muri komine Mukaza.

Freddy MBONIMPA umukuru w’igisagara ca Bujumbura, mu nama yagirishije abakuru b’amazone hamwe n’abakuru b’amakaritiye, yabamenyesheje ko umutekano uhungabana mu gisagara ca Bujumbura, uturuka ku bantu batera amagerenade bari mu mapikipiki yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura.

mot

Iryo tegeko ry’umukuru w’igisagara ca Bujumbura rivuga ko kuva kuri uwu wa kabiri, abunguruza abantu ku mapikipiki batarekuriwe kwinjira mu gisagara ca Bujumbura muri komine ya Mukaza.
Freddy MBONIMPA umukuru w’igisagara ca Bujumbura akaba yaraneguye abakuru b’amakaritiye batadoma urutoke ku bagizi ba nabi bahungabanya umutekano muma karitiye n’amakomine barongoye. Yabasavye gukorana n’abajejwe umutekano.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko muma gerenade atandatu yatewe kuva isaha zibiri z’agatondo kuri uwu wa mbere muri zone za Rohero, Buyenzi na Ngagara, umwana umwe w’imyaka 11 ariwe yahasize ubuzima, abantu 32 barakomereka.