Abakenyezi basabwa kuba bari murugo isaha zibiri zijoro muri komine Ruhororo

0

Iyo ngingo ikaba yafashwe na mustanteri wa komine Ruhororo, Mamert Birukundi, asanzwe ari umukenyezi nawe. Akavuga ko hasigaye hari inyifato itabereye aho mu Ruhororo aho abenegihugu cane cane abakeneyzi bamara umwanya munini mu kabare bakibagira urugo.

Ariko uwo mustanteri akaba atavuze ingaruka mbi iyo ngendo yabo bakenyezi itera. Akaba yarangije amenyesha kuwuzofatwa inyuma yizo saha azohanwa n’amategeko. Mustanteri wa komine Ruhororo akaba yibukije ko isaha yo kugurura utubare ari isaha indwi z’umurango.

Abaharanira agateka k’abakenyezi bakaba biyamirije iyo ngingo bakavuga ko yari gufatira rimwe n’abagabo nabo bagataha kare. Abandi bakabona ko iyo ngingo ari nziza kuko inyota iba yaheza kandi abana basigaye m’urugo baba basigaye bonyene atakibaraba.