Reta y’Uburundi yemeye kurekura abapfungwa 2000 ba poritike

0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, inyuma y’umubonano yagiranye na Ban Ki-Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yamenyesheje ko abapfungwa ba poritike bagera ku bihumbi bibiri bagiye kurekurwa, yemera kandi ibiganiro bihuza bose.

yeme-459d6

Umubonano wahuje umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, hamwe na Ban Ki-Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uwu wa kabiri wamaze nk’isaha imwe. Inyuma y’uwo mubonano, Ban Ki-Moon yabwiye abamenyeshamakuru ko yakiriye neza ingingo yafashwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA y’ukuzorekura abapfungwa ba poritike bagera ku bihumbi bibiri, amenyesha kandi ko ingingo y’ugukura imitahe kuri bamwe mu banyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi, ari ikimenyetso ciza.

Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba yemeye kandi ibiganiro bihuza bose, kandi bidakumira. Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko hagiye gukomezwa iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, ukurwanya iterabwoba, hamwe n’ugukomeza iterambere.

sinzi-2ff7c

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagarutse ku migenderanire y’Uburundi n’Urwanda, aho yamenyesheje ko Urwanda rubaniye nabi Uburundi, akavuga ko yasavye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko yorukebura.