Amashirahamwe acuruza amafaranga mu buryo bwa none yahagurukiwe

0

Amashirahamwe acuruza amafaranga mu buryo bwa none yahagurukiwe na leta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’umutekano kubera ko biboneka ko ari ‘ugusahura abenegihugu’.

Ivyo biraboneka ku vyabaye ejo aho abanywanyi barenga amajana atatu bo mu ciswe CROWD1 bafashwe hama barajanwa kubaza ivyo basanzwe bakora.

Ku bibaza ko abo banywayi ba Crowd1 boba bararekuwe bose sivyo kubera ko amakuru ava mu bushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko ‘habaye ugucagura abashasha bararekurwa hama hasigarayo abantu 17 basanzwe bahimiriza abandi kuvyinjiramwo’.

Crowd1 ni umurwi w’abantu baza basaba amafaranaga ashika ku 400 000FBU hama bakemerera uwuyatanze ko azokwunguka arihamwe azanye abandi bantu.

Beshi baribaza ukuntu ico ciswe Crowd1 kiriko cegeranya Abarundi isinzi kandi mu mwanya muto cane, bamwe bakanibaza ko ari ubusuma bweruye kandi ko ari ugusahura Abarundi isinzi, gutyo bagahamagarira ubutegetsi kubihagurukira.

Ayandi mashirahawe nka za AIM Global, CBN nayandi nayo aratumwako urtoke ko asahura abanyagihugu ubutunzi bwabo, nayo agashirwa ku rutonde rw’amashirahamwe akwiye gukurikiranirwa hafi n’ubushikiramganji bw’umutekano.

Ku bw’ivyo biri muri ayo mashirahamwe, amakuru ava mu bushikiranganji bw’umutekana aremeza neza ko ‘ari ubusuma bweruye’ muri ayo mashirahamwe avuga ko acuruza mafaranga mu buryo bwa none.

Ibanki nkuru y’igihugu BRB ikaba yaragabishije yongera irahagarika amashirahamwe akora muri hene ubwo buryo bwo gucuruza amafaranaga yo mu buryo bwa none.