Bivugwa ko Abategetsi b’Uburundi bashatse kujana Petero Nkurunziza i Nairobi kuvurwa

0

Ikinyamakuru kimwe co Muri Kenya, The Star, camenyesheje uyu musi ko abategetsi bo ku rwego rwo hejuru bashatse kurungika uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, mu gihugu ca Kenya canke Dar es Salaam muri Tanzania ku bwo kuvurwa.

Ariko rero nk’uko ico kinyamakuru kibivuga, hakaba harabaye ukutabona ibintu kumwe hagati y’abategetsi kuri ico kibazo co kujana Petero Nkurunziza hanze y’igihugu kuvurwa.

Umu diplomate umwe yabwiye The Star Kenya ko Petero Nkurunziza yahitanwe n’ikiza ca Coronavirus naho leta y’Uburundi yavuze ko yahitanwe n’ingwara y’umutima.

“Harabaye impari hagati y’abategetsi nimba Petero Nkurunziza yotwarwa i Nairobi kuvurwa aho umukenyezi wiwe ari, hama abandi bavuga ko yoja i Dar Es Salaam”, niko uwo mu Diplomate yabwiye The Star Kenya.

Ico kinyamakuru nyene kikamenyesha ko umupfakazi Denise Bucumi wewe yavuwe arakira ikiza c’umugera wa Coronavirus.

Mukamenya ko umutambukanyi wa Petero Nkurunziza, Denise Bucumi, naw yagarukanywe i Bujumbura kugira yifatanye n’umuryango wiwe mu kigandaro.

Uwahoze ari umukuri w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yari yamenyesheje ko ‘Uburundi bwakoze isezerano n’Imana ku bijanye n’ingwara ya COVID-19 ko ataco izokora ku gihugu c’Uburundi’.

Source: https://www.the-star.co.ke/amp/news/2020-06-10-burundi-leader-died-of-covid-19–diplomats/?utm_term=Autofeed&utm_medium=Social&utm_source=Twitter&__twitter_impression=true