Ibimenyetso vyerekana ko Evariste Ndayishimiye azokwimikwa vuba cane

0

Ibimenyetso vyerekana ko Evariste Ndayishimiye azokwimikwa vuba cane nko mu ndwi iza nk’uko amakuru ashikira UBM News abivuga.

Uyu musi wa kane i Bujumbura habaye Inama Nshikiranganji idasanzwe ihagarariwe n’Icegera ca Mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo.

Mu biganirwako hariho uko buca bashinga uwugiye kuyobora igihugu. Nk’uko ibwirizwa shingiro rishasha ribivuga, Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda, niwe aca aramutswa igihugu, ariko siko bizohava bigenda.

Ibimenyamenya bitari bike biraboneka ko Ndayishimiye Evariste azokwimikwa vuba cane mu ndwi iza kumbure ikigandaro kuri Petro Nkuruniza giheze.

Nta musi w’amaziko ya Petero Nkurunziza urashirwa ahabona na Leta y’Uburundi.

Mwomenya kandi ko ku makuru yari agize imisi akwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi nka Twitter avuga ko umuvyeyi wa Nkurinziza, umutamakazi, yoba nawe yapfuye inyuma y’umuhungu wiwe apfuye, atari yo nk’uko Umuvugizi wa leta y’Uburundi, Prosper Ntahorwamiye, yabibeshuje kuri Radio y’Abongereza BBC.