BreakingNews: Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, yitavye Imana

0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, yitavye Imana kuri uyu musi wa 8 Ruheshi 2020, nk’uko leta y’Uburundi yabitangaje biciye ku rubuga rwayp rwa Twitter.

Bikaba vyari bimaze imisi bivugwa ko yari arwariye mu ntara ya Karusi mu buraruko bw’Uburundi.

Leta y’Uburundi imenyesha ko Petero Nkurunziza yahitanywe n’ingwara y’umutima.

Petero Nkurunziza akaba yoba ahitanwe na Coronavirus nk’uko amakuru leta itaremeza abivuga.

Nkurunziza akaba yari yarahawe amazina y’ubuhizi atari make nka Imboneza yamaho n’ayandi kubera ivyo yakoreye Uburundi.

N’inkuru ikibandanya itohozwa.