Ban ki moon arashigikiye umugambi wo kurungika abasoda bo kugarukana amahoro mu Burundi

0

Mwitangazo ryashikirijwe numunyamabanga mukuru wa ONU Ban ki moon yamenyesheje ko ashigikiye Umugambi wishirahamwe ryubumwe bwa Afrika WO kurungika abasoda bazoza gukingira abarundi nuburundi !

ban-ki-moon

MAPROBU ikaba iteye ubwoba bwinshi cane Abanyagihugu bashigikiye nabadashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kuko nkuko umukuru wigihugu aheruka kubishikiriza ,yamenyesheje ko yiteguriye kugwana nizo nteko MAPROBU za UA hamwe zokwinjira atavyemeye!

Nkurunziza akaba yagiriyeko amenyeshako umutekano ari wose kubice birenga 99 kwijana ,ati Maprobu ntaco yoba ije kumara ariko igitangaje nuko uwo mutekano avuga uguma uhungabana uko bukeye uko bwije !
UBM News tubibutse ko Umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ashimira inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu kwerekana ugushaka gushigikira Uburundi mu bihe bigoye burimwo,biciye mu gutanga uburenganzira bwo kurungika abasirikare bo mu rwego rwa MAPROBU.