Antonio Guterres avuga ko reta y’Uburundi yogirana ibiganiro n’abatavuga rumwe nayo

0

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres avuga ko reta y’Uburundi yogirana ibiganiro n’abatavuga rumwe nayo kugira umuti urama hagati y’Abarundi.

Ivyo umunyamabanga mukuru wa ONU akaba yabivuze ejo ku musi wa gatatu aho yaramutse avuga uko ivyo mu Burundi vyifashe kuva Evariste Ndayishimiye agiye ku butegetsi muri uyu mwaka.

Guterres akavuga ko ubu ‘umupira uri mu kibuga ca reta ya Ndayishimiye’ kubandanya ku ntambwe ‘ibayabaye ‘ Uburundi  bugezeko.

Guterres aremanaga ko Uburundi bwateye intambwe yinaka mu bijanye no gutsimbataza amahoro naho adahakana ko uguhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi kakihari.

Antonio Guterres akaba yaramaze gukuraho amanama amwe amwe akorwa buri ndwi yiga ku gihugu c’Uburundi.

Ariko naho biri uko, Antonio Guterres akaba yavuze ko ‘amatohoza akorwa ku Burundi ku mabi yakozwe azobandanya’ ukuri kwamye.

Ibintu bitari bike vyotuma mu Burundi haba amahoro arama birahari harimwo ukugira ibiganiro hagati yabo, ugufatana mu nda mu vy’ikibano, hamwe no kureka hakaba ivyiyumviro vya politike kuri bose”, niko Antonio Guterres yavuze.

Reta ya Ndayishimiye akaba ataco iragira ico ivuze kuri ako kamo katewe n’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres.