Saidi NTIBAZONKIZA yarasubiye kwinjiriza Intamba mu Rugamba

0

Igistindo kimwe ku kindi nivyo bitsindo imirwi nserukira gihugu mu mupira w’amaguru y’Uburundi na Mauritanie vyatsindanye kur’uyu wa gatatu itariki 11 munyonyo 2020. Abakinyi ba Mauritania nibo batanguye kwinjiza igitsindo cambere.

Mu gice cakabiri abakinyi b’Uburundi baca baronka coup franc ica yinjizwa na Saido Ntibazonkiza. Uwo mukinyi yahora mubihano akaba arina we yinjije igitsindo c’Intamba m’Urugamba igihe Intamba zahura n’igihugu ca Tanzania murukino rwa kivandimwe.

Abakinyi b’Intamba m’Uragamba bakaba bagarutse i Bujumbura kur’uyu wa kane aho baciye bashikira mw’i hoteli kugira barabe kwatamugera wa coronavirus bafise. Ku musi w’Imana itariki 15 munyonyo akaba ariho bazosubira gukina nico gihugu ca Mauritania.