Ibikoresho vyabashatse guhirika ubutegetsi mu mwaka wa 2015 biriko bigurishwa icamunara

0

Ico gikorwa catanguye kur’uyu wakabiri mu kigo cahahoze ibiro vy’umukuru w’igihugu muri zone Rohero. Ivyo bintu bikaba bigizwe nana motos, imiduga, intebe, amamatera, ububati n’ibindi. Bibaba vyakuwe mu mazu y’abantu bahunze imishamirano yo mu 2015 hamwe n’ibindi bikoresho vyafashwe n’ubutungane mu manza zamaze gucika.

 

Ubutungane bukavuga ko bwanka kw’ivyo bintu vyononekara bidafise banyevyo bavyitaho. Ico gikorwa kikazohera ku mus iwa gatandatu.

Abatavuga rumwe na Let aya Gitega bahunze bakavuga kon ari akarenganyo bariko barakoregwa kuko ivyo bintu arivy’imiryango yabo. Bakavuga ko ivyo bintu bizosubizwa banyevyo igihe kigeze. Ku mbuga ngurukana bumenyi abandika nabo bavuga ngo n’amatongo, ibikoresho, amazu yo mu rwimo rwa 1972 yarasubijwe banyenevyo. Abandi bagatinya kugura ivyo bintu batinya kuzogira ingorane muri kazoza.

Mwebwe muvyibazako iki ?