Anicet Niyonkuru asaba abanyepolitike gushira aho intahe n’abenegihugu bazoba bashize

0

Mu gihe Anicet Niyonkuru, arongoye umugambwe CDP, yariko arasozera imyiyamamazo kur’uyu w’Imana, yarasavye abariko barahiganwa mu matora yo kur’uyu wa gatatu itariki 20 rusama ko batotera umudugararo mu gihugu ko boshira aho abenegihugu bashize.

Anicet Niyonkuru mu kiganiro yatanze kubamenyeshamakuru yavuze ko yasanze umurwi CENI ujejwe gutunganya amatora utigishije neza abazotora ingene bazobigenza kuko benshi bazi ko bazoshira mw’isandugu imwe amatora atatu azobera umusi umwe, ay’umukuru w’igihugu, ayabashingamateka, n’ayabahanuzi ba komine.  Anicet Niyonkuru ari mu banyepolitike baheruka gutaha m’Uburundi akavuga ko umugambwe CDP wagerageje gusigurira abenegihugu uko bazotora.

Anicet Niyonkuru yasavye abariko barahiganwa kutazogumura abanegihugu umusi amatora azoba yarangiye ati kuko abanegihugu barashobora kugutanganza ku musi wamatora kandi bari barakwemereye kugutora. Arasaba umurwi CENI kutazocurika ivyavuye mu matora, abahiganwa nabo abasaba kuzana abarorera amatora bakwiye kugira ntihazogire uwuvuga ngo bamwivye, uwuzoba nawe afise ivyemezo ko bamwivye amajwi ko yoca yitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro.