Abantu 15 nibo batowe ikiza ca coronavirus m’Uburundi

0

Ivyo vyavuye mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kur’uyu w’Imana. Abagwayi m’Uburundi bico kiza bakaba bageze ku gitigiri ca 42 bagwaye. Ico kiza kikaba kimaze guhitana abantu bashika 300.000 kw’isi mu mezi atanu gusa.

Abagwayi 9 nibo basanze bakize umugera wa coronavirus atawe bagifise mu mubiri wabo. Ariko hari abavuga ko hari abagwayi bataremenyekana igitigiri boba bashizwe ukwabonyene mu bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge.

Ico kiza rero benshi bakaba batinya ko congerekana kuko mu gihugu cose hariko harabera imyiyamamazo itegura amatora azoba itariko 20 rusama nukuvuga kur’uyu wa gatatu. Mwomenya ko mu Rwanda abagwayi bageze kuri 292, Kenya kuri 887, Tanzaniya 509, Uganda 227, Afrique Yepfo 236.

Bimwe mur’ivyo bihugu bakaba bategetse abanyagihugu kuguma mu mazu ahandi bakaba bashimye kureka abanyagihugu kuguma baja ku mirimo yabo aho twovuga nko muri Tanzaniya n’Uburundi. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu wo mu Burundi akaba yamenyesheje ko Uburundi butimirije kubwira abarundi kuguma mu mazu yabo.