Amerika Yoba Igiye Guhana Ibihugu Bidatora Ku Ngingo Zayo Muri ONU?

0

Ibihugu vy’Uburundi, Afrika y’Epfo na Zimbabwe bishobora guhanwa na leta Zunze Ubumwe za Amerika, canke bigashirwa ku mwihwezo ukaze, mu gihe leta ya Donald Trump yokorera ku ngabisho zikaze zo guhana ibihugu bidakunze gutora ku ngingo zico gihugu rutura muri ONU.

Mw’itangazo ryasohotse ku wa 26 Ndamukiza 2018 mw’izina ry’uwuserukira Amerika muri ONU, Amb. Nikki Haley, ryavuga ibihugu bitatu nyamukuru vyo muri Afrika(Uburundi, Afrika y’Epfo na Zimbabwe) biri hejuru cane mu bihugu 10 bidakunze gutora ku ngingo za USA muri ONU. Ibindi bihugu bishirwa ku rutonde rw’ibihugu bishobora guhanwa ni Iran, Syria, Venezuela, Koreya ya Ruguru, Turkmenistan, Cuba na Bolivia.

Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU

Nikki Haley yamenyesheje ko Amerika itanga ibice 22 kw’ijana muri Budget ya ONU gusumba ibindi bihugu bigize ONU, ariko ibihugu bimwe bimwe bikama bitora OYA ku ngingo za Amerika muri ONU.

Nikki Haley yamenyesheje ati: “Ibi ntivyumvikana ku kuntu amahera dusohora ata nyungu turonka. Igihe twamenyesha ko tugiye kuza turandika amazina y’ibihugu mu 2016 [bitadushigikiye muri ONU], urutonde rw’ivyo bihugu rurabivuga rwo nyene…Leta ya Trump irabishira ahabona…nuko ata kwemera ko abanyagihugu ba America bafatwa nabi…

Ibindi bihugu 10 bikunze gutora cane ingingo za Amerika ni Micronesia, Canada, Marshall Islands, Australia, Ubwongereza, France, Palau, Ukraine, na Reublique Tcheque.