Ubufaransa Burarajwe Ishinga N’Ifungwa Rya Germain Rukuki.

0

Uwuharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, Germain Rukuki, aheruka gucirwa ku wa 26 Ndamukiza 2018 urubanza rwo gufungwa umunyororo w’imyaka 32. Akaba yagirizwa na leta y’i Bujumbura “ukugumuka”. Ibihugu bimwe bimwe bikaba vyatanguye kugaragaza amakenga yabo kuri ukwo gufungwa kwa Germain Rukuki.

Nk’uko AFP ibimenyesha,Igihugu c’Ubufaransa kirarajwe ishinga n’iryo fungwa rya Germain Rukuki, yari asanzwe arongoye Ishirahamwe Njabutsa Tujane akaba kandi yari umukozi w’ubucamanza w’abagatolika mu Burundi.

AFP ibandanya imenyesha ko Ubufaransa bubabazwa n’uko umwidegemvyo uburabuzwa mu Burundi ku bantu bamwe bamwe. Ubufaransa bukaba bwiyamiriza iterabwoba ribandanya ku batavuga rumwe na Leta y’i Bujumbura, abaharanira agateka ka zina muntu hamwe no ku binyamakuru vyigenga.

Igihugu c’Ubufaransa kikaba gihamagarira abategetsi b’Uburundi kwubahiriza uburenganzira mu bijanye n’umwidegemvyo hamwe n’ibijanye n’gateka ka zina muntu.