Amerika Iragabisha EAC Kudahagarika Ukwinjiza Impuzu Zakoze.

0

Mu gihe ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko harimwo n’Uburundi bifise umugambi wo guhagarika kwinjiza impuzu zakoze mu mwaka wa 2019, igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika kiragabisha ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko ko iyo ngingo yo guhagarika kwinjiza impuzu zakoze muri Afrika y’ubuseruko ihonyanga ingingo zo kwagura urudandazwa muri Africa arirwo AGOA( African Growth and Opportunity Act).

Mu makuru dukesha ikinyamakuru AllAfrica, muri Ntwarante 2016, abakuru b’ibihugu ba Afrika y’Ubuseruko arivyo Uganda, Kenya, Tanzania, Rwanda, Burundi na Sudani y’Epfo barumvikanye ko hohagarikwa ivyo kwinjiza impuzu zakoze mu karere mu myaka itatu ni kuvuga mu mwaka wa 2019.

Mu kiganiro n’abanyamakuru, uwujejwe ivy’Urudandazwa muri departema ya leta ya Amerika, Harry Sullivan, yaramenyesheje ko USA izi uwo mugambi wa EAC naho USA itemeranya n’iyo ngingo ya EAC. “ Abategetsi ba EAC bagiye gukorana kuri iki kibazo…bashobora kuba ata ngingo barafata gushika ubu…ariko ntavyo nzi neza…dusaba ibihugu vya EAC gusubira kwihweza iyo ngingo…”.

Biragaragara ko Amerika ibona ko ingingo ya EAC yo guhagagarika kwinjiza impuzu zakoze yogira ico ikoze cane ku rudandazwa rwa Amerika muri Afrika y’Ubuseruko. Ariko none, ubwo ibihugu vyose vya Afrika y’Ubuseruko vyoba vyikwije bikwiye ku buryo bitobandanya bikoresha impuzu zakoze zirungikwa n’ibihugu biteye imbere nka za Buraya na Amerika?