UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ambasederi wa Amerika muri Kongo ariyamiriza umuhari M23

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwuserukira Leta zunze ubumwe za Amerika muri Congo Lucy Tamlyn aratera ivyatsi umuhari M23 ushigikiwe n’igihugu c’urwanda urwanira muri kivu y’uburaruko .ivyo abishikirije inyuma yaho aba nye kongo bamaze imisi bagiriza Amerika gushigikira umuhari M23.

K’urubuga rwiwe x rwahoze rwitwa twitter Lucy Tamlyn agira ati:«Inyuma y’amajambo menshi yaramaze imisi avugwa ko Amerika ishigikiye umuhari M23,nashaka kumenyesha ko Amerika ishigikiye igihugu ca Kongo mu buryo bukomeye.nta mahoro yoboneka mugihe Kongo idafise ubwigenge n’imbibe zayo ngo zibe zikingiwe».

Lucy Tamlyn amenyesha ko umuhari M23 ushigikiwe n’igihugu c’urwanda.agira ati:«turateye ivyatsi umuhari M23 ushigikiwe n ‘igihugu c ‘urwanda kandi ukaba uri mubihano vy’Amerika kuva 2013.dushigikiye Kongo kuko buri mwaka dutanga imiriyaridi y’amadorari kugira afashe mu bisata vy’indero,iterambere ry’igihugu, amagara y’abantu,gukingira ibidukikije hamwe n’infashanyo igenewe abanyagihugu».

Tubamenyeshe ko muri iyi misi indwano yasubike kwaduka aho muri kivu y’uburaruko aho umuhari M23 uhanganye n’ingabo z’igihugu ca Kongo kugira ntibafate umuji wa Goma.Ni mugihe uwo muhari bigaragariye ko wifatiye uburere butari buke mu ndwi twaraye dusozereye,uburere bwafasha ababa mw’ico gisagara ca Goma kugira babandanye babaho.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments