UBM News ads UBM News ads
Friday, June 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

CEFOR- Arusha bavuga ko Evariste Ndayishimiye ashobora gufatirwa ibihano mpuzamakungu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

M’urunani Cefor-Arusha rutavuga rumwe na Leta y’uburundi bamenyesha ko umukuru w’igihugu c’uburundi nka kizigenza n’umukuru w’ingabo ko ashobora gufatirwa ibihano mpuzamakungu no gukwirikiranwa kuvyaha vy’ihonyabwoko kubera kwifatanya n’ingabo za Kongo mu kurwanya umuhari Wa M23.n’inyuma yaho umushingamateka wo muri Amerika amenyesheje ko igisirikare ca Kongo kirangwa n’amabi y’ihonyabwoko akorerwa abanyagihugu muri izo ntambara.

Kubw’inkuru dukesha radio inzamba agateka kawe, icegera c’uwurongoye urunani Cefor-Arusha, J.Bosco Rwigemera agira ati:«kubera agatima k’amacakubiri afatiye k’ubwoko agatima cane cane gatumbera ihonyabwoko prezida Ndayishimiye agomba kunezereza mugenzi wiwe Tshisekedi mu kurungika abo basoda atanisunze ivyo amategeko avuga kuko kubisanzwe yategerezwa gusaba uruhusha inama nshingamateka kugira arungike abarwanyi mu kindi gihugu hanze».

J.Bosco Rwigemera amenyesha kandi ko ibihano bishobora gufatirwa igabo za kongo bishobora gutandukira u Burundi. agira ati :«uno musi turumva yuko inama nshingamateka y’ Amerika ca gihugu rutura c ‘abanyamerika kiriko gisabira ibihano ingabo z’igihugu ca Kongo nabo bose bitwaje ibirwanisho mur ‘ico gihugu kubera yuko bariko baratema batongora bica zina mututsi murico gihugu ca Kongo ibihano ben ‘ivyo bishobora gutandukira igihugu c ‘uBurundi kubera yuko ibiriko birakorwa muri kongo uburundi bubifiseko uruhara rukomeye kubera bwagiye gufasha Tshisekedi kwica abatutsi mu karere kubuseruko bwa Kongo.mu majambo make Evariste Ndayishimiye ariko aratakaza icizere mu karere,mu gisirikare no mu mbonerakure kuko abanyagihugu benshi bariko barabura ababo muriyo ntambara».

Tubibutse ko Leta yuburundi yagiye yagirizwa kurungika ingabo zija gufasha igisirikare ca Kongo kurwanya umuhari M23 ariko bakabihana mbere bikavurwa ko n’abasirikare benshi boba barahasize ubuzima.uko biri kose Leta irakwiye gutanga umuco Kubasirikare b’igihugu barungikwa kurwana muri Kongo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments