Albert Nasagarare umugendanyi wa Président Nkurunziza arahakana ivyo yagirizwa

0

Inyuma yaho habaye amajwi n’amakuru yaciye ku mbuga ngurukana bumenyi avuga ko Albert Nasagarare, uwagendanira Président Nkurunziza, mu gendo nyinshi yafata ko ariwe yamuhaye ibimwica, Albert Nasagarare ivyo arabihakana yivuye inyuma. Iyo majwi akavuga ko Albert Nasagarare yashize agafu gatuma umutima uhagarara mw’ishakoshe y’umukuru w’igihugu.

Albert Nasagarare yagendaniye umukuru w’igihugu kuva akija kubutegetsi avuga ko uwugutuka atagutorera ngo kuko Président Nkurunziza ntiyari umukuru w’igihugu gusa yari nkumuvyeyi wiwe. Uwo muntu yavuze ivyo bintu yari kubivuga kare akibibona. Albert Nasagarare ariyamiriza abo bantu bashaka gukwega inkumbi mu gihugu akavuga ko atamwanya bobatako kuko Président Nkurunziza yabasigaranye iragi ryiza ryo kuba uumuhuza. Albert Nasagarare akavuga ko abantu bafise agatima kamacakubiri bariho babikuriyemwo agasaba abarundi kwibuka ijambo Président Nkurunziza yasize avuze ati : ‘’ Gupfa nikimwe ariko kugira iherezo ryiza nikindi’’.

Albert Nasagarare akavuga ko umukuru w’igihugu ashengengeye Pierre Nkurunziza agiye asize abarundi mu mahoro kuko asize ahejeje gutunganya amatora kandi ntiyapfuye urwagashinyaguro.