Abategetsi bo ku rwego rwo hejuru bavugwa ko COVID-19 ibabangamiye

0

Abategetsi bo ku rwego rwo hejuru mu gihugu c’Uburundi bavugwa ko COVID-19 ibabangamiye cane gose ku buryo iva hamwe ija ku bandi.

Ikinyamakuru c’Abogereza Financial Times camenyesheje amakuru ataremezwa neza ko naho mu ndwi turangije Evariste Ndayishimiye yabonetse ariko avugira ku mamikoro yabanyamakuru, ashobora kuba nawe afise uwo mugera wa Corona.

Amasoko menshi yamakuru yemeza ko Petero Nkurunziza yahitanywe niki kiza ruhonyangada ca CORONAVIRUS naho leta yavuze ko yahitanywe n’ingwara y’umutima.

Muvyo Ndayishimiye yemeye yavuze ko Petro Nkurunziza yamusezeye igihe yagenda kumugendera i muhira iwe aho aba mu gisagara ca bujumbura.

Umuhinga umwe w’i Buraya yavuze ko umuryango w’umukuru w’igihugu wanduye cane uwo mugera kuburyo yawise ‘Virus Spreader’ canke ‘abakwiragihe cane uwo mugera’.

Hambavu y’ivyo, amakuru ateremezwa avuga ko abategetsi batari bake boba bafise ubwoba ko bagendana coronavirus mu gisagara ca Bujumbura canke ko bazohava bahabwa uwo mugera.

Isoko raycu ry’inkuru rimenysha ko hari umugambi wo gukwiragiza uwo mugera wa Coronavirus ku bategetsi bo ku rwego rwo hejuru kugira nabo bahamvye Mukuru wabo.

UBM News ibandanya itohoza ayo makuru. Mukibuka neza ko abategsi b’i Burundi bagumye bavuga ko ‘Imana ikingiye Uburundi’ maze barirengagiza gushiraho ingingo ruhasha zo kurwanya COVID-19.