Tanzania: HRW yagiriza reta ya Magufuli guhotera abatavuga rumwe na reta yiwe imbere y’amatora

0

Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina mu ntu mwisi ariryo Human Rights Watch, HRW, rivuga ko reta ya Tanzania irongowe na John Pombe Magufuli iriko ihohotera abatavuga rumwe na reta muri ico gihugu na rirya himirije amatora.

Amatora yo mu gihugu ca Tanzania akaba yitezwe kuba mu kwezi kwa cumi uyu mwa mwaka aho abakandida batavuga rumwe na reta basa n’abitegeuriye guhangana na John Pombe Magufuli amaze imyaka 5 atwara igihugu ca Tanzania.

Umukandida aza imbere ni Tindu Lissu mu batavuga rumwe na reta ya Magufuli aho mbere aheruka kuva hanze y’igihigu ca Tanzania kwivuza inyuma y’aho arasiwe muri ico gihugu ahorwa ivyiyumviro vyiwe.

Kuva John Pombe Magufuli agiye ku butegetsi, abatavuga rumwe na leta yiwe bararushirije guhohoterwa gusumba uko vyari vyifashe ku bamwitangiye imbere nka Kikweta na Mkapa.

John Pombe Magufuli akaba kandi azwi ko adakunze gukurikiza ingingo amahanga amufatira nko mu bijanye n’agateka ka zina mu ntu aho mbere yiyamiriza amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu avuga ko aharanira agatake ka zina muntu muri ico gihugu ca Tanzania.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko John Pombe Magufuli ashobora gutsinda aya matora yo muri Gitugutu 2020 kubera ko hafi abagize umurwi utegura amatora muri Tanzania usanga bakontororwa n’umugambwe uri ku butegetsi ariwo CCM(Chama cha Mapinduzi).