Président Evariste Ndayishimiye ngwagiye kurwanya igiturire no kwiba amahera ya Leta

0

Ivyo yabivuze mu gihe abashikiranganji 15 bari bahejeje kurahira imbere y’Imana, umukuru w’igihugu, abashingamateka, abakenguzamateka na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro na sentare Ntahinyuzwa kur’uyu wa kabiri. Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye yaciye ashikiriza imigambi 6 yihutirwa gukorwa.

Iyo nayo ikaba ariyo gukomeza intwaro ibereye mu kurwanya bimwe biboneka ibiturire no kunyuruza amatungo ya Leta, kurwanya ikiza coronavirus, kugwiza umwimbu mu burimyi n’ubworozi, kurwanya ubushomeri mu rwaruka, kuvuza abakukuruke kubuntu no gusubiza muzabo abahunze.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, akaba yasavye abo bashikiranganji kuja kukivi ubu nyene kugira abenegihugu bumve ko hariho icahindutse. Ngo ataruko naho azofata ingingo zo kubahindura. Akaba kandi yakoroye igiciro c’isabuni ibice 50 kw’ijana hamwe n’igiciro c’amazi hagati mu gihugu kugira abenegihugu bashobore kwirinda ikiza ca coronavirus mu gukaraba kenshi kenshi.

Mwomenya ko Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, akaba n’icegera ca kabiri c’Inama nshingamateka ataje murivyo birori, umugambwe wiwe ukaba wabaye uwakabiri mu matora y’umukuru w’igihugu aherutse kuba. Imvo zikaba zitaramenyekana neza ariko muriyo Leta abanyamugambwe biwe bavuga ko yarikuronka abashikiranganji nka batanu kuko yarengenje ibice 24 kw’ijana mu matora aherutse.