Ikiza c’umugera w’indwara ya Coronavirus kiriko kijugumiza ibihugu bitari bike muri kino gihe. No mu bihugu vya Afrika nka Nigeria, uwo mugera wica vyihuta wamaze kuhashika.
Mu Burundi, abategetsi batwara igihugu bakaba bahumuriza abanyagihuhg ko uwo mugera wa Coronavirus wica utarashika mu gihugu c’Uburundi.
Umuvugzi wo mu Bushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi, Dr Jean-Bosco Girukwishaka, yameneysheje ko Abarundi ‘botekana maze bakabandanya bashira mu ngiro ingingo zo kwikingira nkuko babibwiwe’.

Mu ndwi turangihe haraciye igihuha ku mbuga ngurukana bumenyi nka Twitter na WhatsApp cavuga ko hari umuntu umwe mu Burundi yanduye ingwara ya Coronavirus, ariko ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu bwaciye bwihutira kubeshuza ico gihuha mu kuvuga ko ari ‘fake news’.
Muri ubwo buryo bwo kwikingira nyene, Ihoteli yo mu gisagara ca Bujumbura, Hotel Source du Nil, yahagaritse ibikorwa vyayo vyo kwakira abakiliya bayo.
Amakuru ashirwa ahabona akamenyesha ko ari mu ntumbero y’uko iyo Hotel Source du Nil igiye gukoreshwa mu kwakira abantu bose baba Abarundi canke abanyamahanga biketswe ko boba bafise umugera wa Coronavirus.
Abazomenyekana bose ko boba bafise ibimenyetso vya Coronavirus bazoca bashirwa ukwabo mu vyumba vy’iyo Hotel(mise en quarantaine).
Mwomneya ko ico kiza kibandanya ciha inkumbi na cane cane mu bihugu vy’Ubushinwa na Koreya y’Epfo.

Ibimenyetso vy’uwo mugera wa Coronavirus bikaba ari ugukorora cane ucira amaraso, ugushuha cane no gukama amazi mu mubiri.
Gushika ubu, ico kiza ca Coronavirus ntikiraronka umuti canke urucanco, maze abashika hafi 4000 bakaba bamaze guhitanwa n’ico kiza c’ingwara ya Coronavirus mw’isi yose.
https://twitter.com/JimbereMag/status/1234777801603112960?s=20





Recent Comments