Abanyagisagara bararuhijwe n’imirongo kubituro vy’amabusi

0

Abanyagisagara ca Bujumbura bamaze imyaka irenga ine batonda imirongo kugituro c’amabusi kiri ahahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura. Iyo mirongo ikaba yibonekeza cane mu masaha yo kumugoroba abantu bavuye ku mirimo batashe mu mihana yabo.

Ivyo bigatuma bateba kur’iyo mirongo bukabirirako. Abajejwe gutwara abantu bita abakokayi n’abashoferi baragerageje gutunganya iyo mirongo mu ntumbero yo kwirinda imisunikano n’ubusuma ariko imyidogo ni myinshi mu banyagisagara ca Bujumbura kuko ico kibazo kimaze igihe kirekire.

Kur’uyu wa kabiri icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore, akaba yagendeye ishirahamwe ryígenga ritwara abantu n’ibintu MEMENTO aho yarisavye ko ryotorera inyishu ico kibazo co kubura amabusi ku gituro kiri ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura.

Joseph Butore akaba yamenyesheje iryo shirahamwe ko leta y’Uburundi izoborohereza muruwo mugambi. Uwurongoye ishirahamwe MEMENTO yavuze ko bafise umugambi wo gushiraho ibituro vy’amabusi mu gisagara ca Bujumura aho amabusi agendera kumasaha. Uwo mukuru w’ishirahamwe MEMENTO avuga ko azokorana n’ishirahamwemwe ATRABU kugira amenye neza amabusi akenewe kugituro c’amabusi cahahoze isoko nkuru ya Bujumbura.

Ivyo biruko mu gihe abatwara ishirahamwe ATRABU baguma basaba ko imiduga y’amabusi yugurukira ibubamfu bita main gauche yokwemeregwa kuzanwa mu Burundi kuko ariyo azimbutse kumasoko yo hanze y’igihugu nayo amabusi yugurukira iburyo main droite akaba zimvye cane atamuntu asanzwe yoyagura ngo yisubize amahera yayiguze. Leta nayo ikaba yarahagaritse kuzana ayo mabusi mu Burundi ngo kuko ateza amasanganya mu mabarabara.